#360
Twame dushaka guhimbar’umwami
Umuco 1
Couplet 1
Twame dushaka guhimbar’ Umwami, N’aho vyoba bituruhije Bene Data, {Inzir’ica aho nyene.} x2
Refrain
Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Twoshimir’ Imana gute? Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Tuyishimire, Haleluya!
Couplet 2
Abashak’inzira zoroshe, Twe ntituri kumwe kuk’Imana yacu, {Itadushimakw’ivyo.} x2
Refrain
Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Twoshimir’ Imana gute? Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Tuyishimire, Haleluya!
Couplet 3
Twiyeze mu mitima kuko, Twe tur’ubura bw’Imana twoye gusa, {N’amahanga tubona.} x2
Refrain
Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Twoshimir’ Imana gute? Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Tuyishimire, Haleluya!
Couplet 4
Inzira iraruhije, twitange, Tubibere maso twame dukund’Imana, {Ntituzomaramare.} x2
Refrain
Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Twoshimir’ Imana gute? Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Tuyishimire, Haleluya!
Couplet 5
Duca mu vyo tutumva bene Data, Ariko twihangane ntiducobogore, {Tubane amahoro.} x2
Refrain
Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Twoshimir’ Imana gute? Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Tuyishimire, Haleluya!
Couplet 6
Kenshi tuboneka nk’abatariho, Arikw’ivyo nimubimenye, har’igihe, {Tuzoba amahoro.} x2
Refrain
Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Twoshimir’ Imana gute? Mbeg’Ubuntu... mbeg’Ubuntu! Tuyishimire, Haleluya!
Couplet 7
Twishime mu mitima kandi, Twubahe Bene Data ni bo tuzobana, {Mu Bwami bwo mw’Ijuru.} x2