Indirimbo Zikundwa Open in the app

#361

Guhimbar’imana vyogenda gute?

Umuco 1

Couplet 1

Guhimbar’Imana vyogenda gute? Kwubah’Imana mbe vyogenda gute, {N’ugupfa kuri wewe, ugapfa ku muntu wa kera, Maz’ukam’uganzwa n’Ijambo.} x2

Refrain

Duhore tugavye bene Data, mu mitima yacu, Ni yo izorenguk’imbere y’Imana, Ngo ibazwe ivyo yakoreye hano kw’isi, {Duhore tugavye kugira ngo, Tuzotsinde urubanza.} x2

Couplet 2

Mpwemu Yera w’Imana twaramuhawe, N’Ijambo ry’igihe turarifise {Arikw’ivyo gusa ntaco vyotumarira na gato, Twame tugavye mu mitima.} x2

Refrain

Duhore tugavye bene Data, mu mitima yacu, Ni yo izorenguk’imbere y’Imana, Ngo ibazwe ivyo yakoreye hano kw’isi, {Duhore tugavye kugira ngo, Tuzotsinde urubanza.} x2

Couplet 3

Tubere maso ubuzima bwacu, Tube maso duhore dusenga {Dusab’Uhoraho ngw’adufashe iri Jambo twumva, Ntiriducikir’ubumenyi.} x2

Refrain

Duhore tugavye bene Data, mu mitima yacu, Ni yo izorenguk’imbere y’Imana, Ngo ibazwe ivyo yakoreye hano kw’isi, {Duhore tugavye kugira ngo, Tuzotsinde urubanza.} x2

Couplet 4

Ubumenyi bene Data burica, Uwamenye ntahimbar’Imana, {Ahubw’arondera ivyomuha gushimwa n’abantu, Gusumvya gushimwa n’Imana.} x2