#359
Ko hariho ivyabona vyinshi
Umuco 1
Couplet 1
Ko harihw’ivyabona vyinshi, Vyatwitangiye imbere, Uzokwiregur’ute none, Kur’urya musi w’urubanza? Urubanza ruzogutsinda!
Refrain
Ishikanire Yesu uk’uri kwose, Ni We yagucunguye, Ni na W’azokuburanira.
Couplet 2
Amatungo ntakuzibire, Cank’icubahiro cawe, Dawidi ivyo yar’abifise, Ariko yayobots’Imana, Yamaz’urugend’amahoro.
Refrain
Ubwo n’aho Yesu yari Imana Nzima, Yaraciye bugufi, Yabay’akarorero keza.
Couplet 3
Ubworo ntibukuzibire, Canke ibigeragezo, Na Yobu yarabiciyemwo, Ariko ntiyacobogoye, Yashitse mw’ijur’amahoro.
Refrain
Kumeny’Imana biruta ivy’isi vyose, Wihanganire vyose, Mw’ijur’uzob’ur’umutunzi.
Couplet 4
Kw’isi har’abizera benshi, Musangiye ingorane, Ntusimbwe rero n’umutima, Iyo ni yo ntambw’ugezeko, Ugir’intsinzi mu mutima.
Refrain
Urwo ni rwo Rugamba, ari yo Nzira, Yesu Azogukuza, Uzoshika ku gutunganywa.