Indirimbo Zikundwa Open in the app

#348

Numva nkumbuye

Umuco 1

Couplet 1

Numva nkumbuye bene Data, Bantanguriye mu kwizera, Nka ba Petero na Paulo, N’abandi babay’Abahizi.

Refrain

Ariko mugenzi, s’abo gusa, Kuko numva nkumbuye cane, Kuzobon’ Umwami wanje Yesu, Tukaban’ibihe vyose.

Couplet 2

Nkumbuye cane nka Henoki, Yagendanye n’Imana Nzima, Imyaka amajan’atatu, Azamurw’atabony’urupfu.

Refrain

Ariko mugenzi, s’abo gusa, Kuko numva nkumbuye cane, Kuzobon’ Umwami wanje Yesu, Tukaban’ibihe vyose.

Couplet 3

Ndakumbuye na ba Stefano, Bihanganiy’imibabaro, Bemera guterw’amabuye, Bagapfa bacizey’Imana.

Refrain

Ariko mugenzi, s’abo gusa, Kuko numva nkumbuye cane, Kuzobon’ Umwami wanje Yesu, Tukaban’ibihe vyose.

Couplet 4

N’ivy’ukuri numva nkumbuye, Abo twatangurany’urugendo, Bamwe baramaze kuruhuka, Man’uz’umfashe nze mbabone.

Refrain

Tuzoba duhiriwe cane, Kuk’Umukiza wacu Yesu, Azoduhanagura amarira, Ntituzobabazw’ukundi.