#347
Umwami Yesu n’umukiza
Umuco 1
Couplet 1
Umwami Yesu n’Umukiza, Aremesh’imitim’inaniwe, Agendagenda mw’Ishengero, Amurika n’umuco w’Ijambo.
Refrain
Ni We Mwami w’abazima, Arongora intama mu canya, Akazirinda n’amabingira, Akaremesha n’izinaniwe.
Couplet 2
Teg’ugutwi mwene Data, Wumv’ico Mpwem’abwir’Ishengero, Abo Dat’akunda bose, Abakangira mw’Ijambo ryiwe.
Refrain
Ijambo ryiwe n’inyobozo, Kandi n’itara rimurika, Ivy’umwiza bigahunga, Uwo muc’urimwo n’ubugingo.
Couplet 3
Hahiriw’amaso yanyu, Kukw’abona ibihishijwe, Hahiriwe n’amatwi yanyu, Kuko yumv’ibitang’ Ubugingo.
Refrain
Cane-cane harahiriwe, Abumva bakabigendera, Abo ni bo bagendera mu Muco, Umuco w’Ijambo ry’Imana.
Couplet 4
Ko twavyawe n’Ijambo Rizima, Tukaba n’abana b’Isezerano, Dukund’Umukiza wacu Yesu, Maze tunesh’imitim’ibiri.
Refrain
Ni ho tuzotanga n’ibimazi, Data wo mw’Ijur’ akavyakira, Maze bigahinduk’imibavu, Ishimish’ Umukiza Yesu.