Indirimbo Zikundwa Open in the app

#316

Mana yacu y’urukundo

Umuco 1

Couplet 1

Mana yacu y’urukundo rwinshi cane, Wankunze kuva kera nanje ntakuzi, Uko nari ndi kwose waranzigamye, {Umpe Mwami guhora nciye bugufi.} x2

Refrain

Nzokwama ndaguhimbaz’ igihe cose, Kuk’ur’Imana y’Urukundo, Kuk’ur’Imana y’Imbabazi, Kandi wibagira vub’ibibi vyose, {Twagucumuyeko.} x2

Couplet 2

Umpe kwama ngendera mw’Ijambo ryawe, Kukw’ari ryo gusa ritang’amahoro, Aho nzoba ndi hose nze name numva, {Ko ndi kumwe n’Umwami wanj’ahoraho.} x2

Refrain

Nzokwama ndaguhimbaz’ igihe cose, Kuk’ur’Imana y’Urukundo, Kuk’ur’Imana y’Imbabazi, Kandi wibagira vub’ibibi vyose, {Twagucumuyeko.} x2

Couplet 3

Umpe Mwami kwama ngushingir’intahe, Mu bantu bakuzi no mu batakuzi, Kugir’igikorwa cawe kij’imbere, {N’abatakuzi babon’urukundo rwawe.} x2

Refrain

Nzokwama ndaguhimbaz’ igihe cose, Kuk’ur’Imana y’Urukundo, Kuk’ur’Imana y’Imbabazi, Kandi wibagira vub’ibibi vyose, {Twagucumuyeko.} x2

Couplet 4

Ndaguhimbaze gute ga Mwami wanje? K’urukundo rwawe rusiga ubwenge, Atar’uwo wagiriy’ubuntu gusa, {Ntaworubon’atar’uwatoranijwe.} x2

Refrain

Nzokwama ndaguhimbaz’ igihe cose, Kuk’ur’Imana y’Urukundo, Kuk’ur’Imana y’Imbabazi, Kandi wibagira vub’ibibi vyose, {Twagucumuyeko.} x2

Couplet 5

Umpe kwama numvir’ijwi xyawe gusa, Kuko ndaryumviye ntaho nzozimira, Nzokwama ndi maso mu rugendo rwanje, {Gushik’igih’uzogarukira Mwami.} x2