Indirimbo Zikundwa Open in the app

#315

Igihe turimwo mbe wob’ukizi?

Umuco 1

Couplet 1

Igihe turimwo mbe wob’ukizi? Jewe narakimenye, Kuko nakimenyeshejwe, N’Umwami nyeneco ari We, Yesu Kristo Umukiza, W’abari mw’isi bose.

Refrain

Iki n’igihe ciza kuri jewe, Kukw’ari ho mmenya neza, Amabanga y’Ubwami bw’ijuru, Kukw’ari ho ndonk’ amababa, Azotuma nsanganir’ Umwami.

Couplet 2

Igihe turimwo ni ca kindi, Cahanuwe kuva kera, N’abahanuzi b’Imana, Mu gihe cabo bavugishwa, Ivy’ukuri kw’Ijambo ryiwe, Ku bw’igihe turimwo.

Refrain

Iki n’igihe ciza kuri jewe, Kukw’ari ho mmenya neza, Amabanga y’Ubwami bw’ijuru, Kukw’ari ho ndonk’ amababa, Azotuma nsanganir’ Umwami.

Couplet 3

Noneh’ivy’ijisho ritabonye, N’ivy’ugutwi kutumvise, Ibitigeze biba mu mutima, W’umuntu ni vyo tubona ubu; N’ivyerekeye Jambo w’Imana, Umwami wacu Yesu.

Refrain

Iki n’igihe ciza kuri jewe, Kukw’ari ho mmenya neza, Amabanga y’Ubwami bw’ijuru, Kukw’ari ho ndonk’ amababa, Azotuma nsanganir’ Umwami.

Couplet 4

Ku bw’umuco twahawe dushobozwa, N’Umwami kumuyoboka, N’iy’ingabo z’ikuzimu, Zihagurutse ntidutinya, Kuk’uwaneshej’urupfu, Ar’imbere yacu.

Refrain

Iki n’igihe ciza kuri jewe, Kukw’ari ho mmenya neza, Amabanga y’Ubwami bw’ijuru, Kukw’ari ho ndonk’ amababa, Azotuma nsanganir’ Umwami.

Couplet 5

Ku bw’ukuri twahawe dukomeze, Guter’intambwe mu nzira, Kukw’ata kizotubuza, Imbere hari Yesu Kristo, Ni We kubaho kwacu, N’ivyizigiro vyacu.