Indirimbo Zikundwa Open in the app

#306

Mwam’imana ndagushima

Umuco 1

Couplet 1

Mwam’Imana ndagushima, Ko wampaye kukumenya, Ukankiza ntabikwiriye, Ukangira muzima.

Refrain

None uze umfashe Mwami, Nze name nguhimbara, Naho nogir’ibingora, Uz’umpe kwihangana, {Kuko hahiriw’uwihanganira ibigeragezo.} x2

Couplet 2

Abahizi basinziriye, Ni Wewe wabazigamye, Bagenda baguhimbara, Nanje umpe kubishikira.

Refrain

Bari bambaye umubiri, Nk’uyu nanje nambaye, Ariko ntivyabujije, Ko bakugororokera, {Ungirir’ubuntu Mana, Nanje ngende nkuyoboka.} x2

Couplet 3

Mwami Yesu ndagusavye, Umpe kwama ndakwizeye, Unyuzuze ivyizigiro, Urukundo n’amahoro.

Refrain

Unyuzuze Mpwemu Wawe, Bimpe gutsinda icaha, Hanyuma ni wagaruka, Uz’usange niteguye, {Nambaye ukugororoka, Kuvuye mu kwizera.} x2

Couplet 4

Rab’ibihe birakuze, Mwami umpe kwama ndi maso, Kuko Satani akobeje, Kugwanya abakwizera.

Refrain

Unyambike Mana yanje, Ibigwanishwa vyose, Maze umyambike ukwizera, Kuzotuma nzamurwa, {Kugira ni wagaruka, Ngusanganire mu bicu.} x2