#305
Mbega s’ivy’ukuri?
Umuco 1
Couplet 1
Mbega s’ivy’ukuri ko Imana, Ku bw’Urukundo rwinshi Yakunze, Abari mw’isi ariho Yatanze, Umwana wayo w’ikinege, {Ngw’abamwizera bose, Baronke Ubugingo budashira.} x2
Refrain
{N’Ukuri, Imana n’Urukundo, Kandi n’Inyabuntu, Yihanganira vyinshi kugira ngo, Ishikirize umwana wayo ugutunganywa kwose.} x2
Couplet 2
Mbega si yo yo kwizigirwa, Yahevy’icubahiro cayo, Co mw’Ijuru ikaza mw’isi, Ikicisha bugufi cane, {Ikambara umubiri, Ngo iduhe agakiza kayo ku Buntu.} x2
Refrain
{N’Ukuri, Imana n’Urukundo, Kandi n’Inyabuntu, Yihanganira vyinshi kugira ngo, Ishikirize umwana wayo ugutunganywa kwose.} x2
Couplet 3
Mbega s’Iyo kwizerwa rwose, Yemeye kubabazwa ku bwacu, Itwitangira ku musaraba, Itubera impongano y’ivyaha, {Kandi tutabikwiye, Imana ihinduka icaha ku bwacu.} x2
Refrain
{N’Ukuri, Imana n’Urukundo, Kandi n’Inyabuntu, Yihanganira vyinshi kugira ngo, Ishikirize umwana wayo ugutunganywa kwose.} x2
Couplet 4
Ni Yo kuri, n’Iyo kwizigirwa, Kandi n’urukundo n’ukwizera, Kukw’ari yo izigama abayo, Mu ngorane zose bacamwo, {Ikabagwanirira, Bakagenda banesha mu Nzira.} x2