Indirimbo Zikundwa Open in the app

#307

Nshoboza kuguhimbara

Umuco 1

Couplet 1

Nshoboza kuguhimbara, Mwami Yesu mur’iyi si, Umpe kubon’igikorwa, Cawe ngo nkibemw’iteka, {Ni Wewe buhungiro bwanje, Kandi ni Wewe nizigira, Umpe kwama nguhimbara, Ngirirw’ubuntu ngendane nawe.} x2

Couplet 2

Wahay’abahizi bose, Guca mur’iyi si Mwami, Imisi yose mu kubaho, Kwabo, wabahaye kunesha, {Mpa kugir’ivyizigiro, Mwami Yesu, kugira ngo, Nanje nzoshobore kuba-, na nab’imisi yose mu Bwami.} x2

Couplet 3

Igihe cose baciye, Mur’iyi si baranesha, Kuko bizeye Wewe Mwami, Bituma baguhimbara, {Ngirirw’ubuntu nkwizere, Mpabwe gutsind’ibishuko, Nshobore kuguhimbara Mwami, mbane naw’imisi yose.} x2

Couplet 4

Mu gihe ngeragezwa n’umwansi, Mwami, mur’iyi si, Mpabwe gutsinda mbone gu-, hagarara nk’abahizi, {Mu gihe cose nkiriho, Mwami wanje nguhimbare, Mpabwe kubon’inzira y’u-, musaraba ndayicemwo nnesha.} x2

Couplet 5

Bizomera gute Yesu, Ko nca mw’isi ntakwizeye, Kuko n’abandi bose, Bagize ivyizigiro, {Naho baca mu makuba, Yose mur’iyi si Mwami, Babonetse kw’ar’abahizi, Bituma bagushingir’intahe.} x2

Couplet 6

Umpe kuger’ikirenge, Mu cabo, Mwami Yesu, Sinze mmaramare ku mus’-, Uzogaruka mur’iyi si, {Kukw’Ijambo ryawe Mwami, Niryo riduha gutsinda, No guhagarar’imisi, Yose tudatsinzwe n’urubanza.} x2

Couplet 7

Umpe Mwami kukwizera, Ngw ivy’unsaba vyose Mana, Binshikeko mu kwizera, Nzoshobore gutsind’iyi si, {Kuko Mwam’abazoshobora, Guhagarar’imbere yawe, N’abagendeye mu kwizera, Kwawe Yesu, bagatsind’iyi si.} x2

Couplet 8

Bene Data nimuze dushim’ Imana ku bwa Kristo, Kuko yitanze ku bwacu, Ngo dutsinde ku bw’ukwizera, {Kuk’uwizer’azotsinda, Kuk’ukwizer’ar’ukumenya, Ivyizigirwa ko biriho, Kandi bizamah’ibihe vyose.} x2