#304
Umwam’imana yarasezeranye
Umuco 1
Couplet 1
Umwam’Imana yarasezeranye, Inzoka imaze guhenda Eva, Na Adamu umushumba w’Uhoraho, Yuko Umucunguzi azoseruka, {Kuko Imana ari urukundo.} x2
Refrain
Yes’Umukiza Yarihanganye, Uhereye ku kuvuka kwiwe, Yaciye bugufi kandi ar’Imana, Imana y’Ubushobozi, {Natwe ni yo Nzira Yaduciriye.} x2
Couplet 2
Umucunguzi wacu Yesu Kristo, Yaratubambiwe ku Musaraba, Amaze gucikana isi n’ijuru, Vyose vyarashinze intahe y’ukuri, {Vyemeza ko ari We yabiremye.} x2
Refrain
Yes’Umukiza Yarihanganye, Uhereye ku kuvuka kwiwe, Yaciye bugufi kandi ar’Imana, Imana y’Ubushobozi, {Natwe ni yo Nzira Yaduciriye.} x2
Couplet 3
Umwami wacu Yesu yarababajwe, Yagendana ukwihangana kuzima, Ingeso nziza ni zo zamuranga, Ngo azoshobore kurandura icaha, {Cadutandukanya n’Imana.} x2
Refrain
Yes’Umukiza Yarihanganye, Uhereye ku kuvuka kwiwe, Yaciye bugufi kandi ar’Imana, Imana y’Ubushobozi, {Natwe ni yo Nzira Yaduciriye.} x2
Couplet 4
Agakiza k’Imana karabonetse, Kuko n’Abera bose bazutse, Babonekera bene Data benshi, Igihe Umwami Yesu yazuka, {N’ukuri Yesu yaraducunguye.} x2
Refrain
Yes’Umukiza Yarihanganye, Uhereye ku kuvuka kwiwe, Yaciye bugufi kandi ar’Imana, Imana y’Ubushobozi, {Natwe ni yo Nzira Yaduciriye.} x2
Couplet 5
Ubu turindiriye n’igishika, Kuzobona Yesu yatubambiwe, Igihe naco turabona gikuze, Abazoba abahizi mu kwizera, {Bazosanganir’Umwami mu bicu.} x2