Indirimbo Zikundwa Open in the app

#304

Umwam’imana yarasezeranye

Umuco 1

Couplet 1

Umwam’Imana yarasezeranye, Inzoka imaze guhenda Eva, Na Adamu umushumba w’Uhoraho, Yuko Umucunguzi azoseruka, {Kuko Imana ari urukundo.} x2

Refrain

Yes’Umukiza Yarihanganye, Uhereye ku kuvuka kwiwe, Yaciye bugufi kandi ar’Imana, Imana y’Ubushobozi, {Natwe ni yo Nzira Yaduciriye.} x2

Couplet 2

Umucunguzi wacu Yesu Kristo, Yaratubambiwe ku Musaraba, Amaze gucikana isi n’ijuru, Vyose vyarashinze intahe y’ukuri, {Vyemeza ko ari We yabiremye.} x2

Refrain

Yes’Umukiza Yarihanganye, Uhereye ku kuvuka kwiwe, Yaciye bugufi kandi ar’Imana, Imana y’Ubushobozi, {Natwe ni yo Nzira Yaduciriye.} x2

Couplet 3

Umwami wacu Yesu yarababajwe, Yagendana ukwihangana kuzima, Ingeso nziza ni zo zamuranga, Ngo azoshobore kurandura icaha, {Cadutandukanya n’Imana.} x2

Refrain

Yes’Umukiza Yarihanganye, Uhereye ku kuvuka kwiwe, Yaciye bugufi kandi ar’Imana, Imana y’Ubushobozi, {Natwe ni yo Nzira Yaduciriye.} x2

Couplet 4

Agakiza k’Imana karabonetse, Kuko n’Abera bose bazutse, Babonekera bene Data benshi, Igihe Umwami Yesu yazuka, {N’ukuri Yesu yaraducunguye.} x2

Refrain

Yes’Umukiza Yarihanganye, Uhereye ku kuvuka kwiwe, Yaciye bugufi kandi ar’Imana, Imana y’Ubushobozi, {Natwe ni yo Nzira Yaduciriye.} x2

Couplet 5

Ubu turindiriye n’igishika, Kuzobona Yesu yatubambiwe, Igihe naco turabona gikuze, Abazoba abahizi mu kwizera, {Bazosanganir’Umwami mu bicu.} x2