Indirimbo Zikundwa Open in the app

#300

Ba hafi yanje Mwami

Umuco 1

Couplet 1

Ba hafi yanje, Mwami, Kuko ndi mu mwiza mwinshi, Ndazi k’uzompa gutsinda, Ni nabana nawe!

Refrain

Mbe nka Dawidi, Mwami, Name ndi kumwe nawe, Ibihe bidashira... Nkwamir’imbut’iteka!

Couplet 2

Ba hafi yanje, Mwami, Ntaco nokwishoboza, Nsungerejwe na Satani, N’uze untabare!

Couplet 3

Ba hafi yanje, Mwami, Nk’uko wamy’ubigira, Wasengeye Petero, Nanje ndagusavye!

Couplet 4

Ba hafi yanje, Mwami, Name ndi muzima, Ijwi ry’Ijambo ryawe, Name ndyumv’iteka!

Couplet 5

Ba hafi yanje, Mwami, Ndakunyotewe cane, Name muri Mpwemu, Ngendane naw’iteka!