#301
Ko mbona umuntu ari ubusa
Umuco 1
Couplet 1
Ko mbon’umuntu bunt’ar’ubusa, Mu buzima bwiw’uko buri, Nasanz’ar’ umunyantege nke, Arikw’Iman’ ar’iy’Inkomezi.
Refrain
Iy’Umwami Yes’atemera, Kutubambirwa ku Musaraba, Ntitwari kurokoka namba, Noneh’Imana Ishimwe cane, Kuko Yaducunguj’ Amaraso.
Couplet 2
Umwana w’umuntlu ntac’amaze, Nta n’ico yokwishoboz’ubwiwe, Iyaba vyoshoboka Adamu, Yari kwikiza muri Edeni.
Refrain
Iy’Umwami Yes’atemera, Kutubambirwa ku Musaraba, Ntitwari kurokoka namba, Noneh’Imana Ishimwe cane, Kuko Yaducunguj’ Amaraso.
Couplet 3
Imana yar’ifis’imigabo, Yo kwerekan’urukundo rwayo, Urwo narwo rwagaragariye, Mu Mwami Yesu ku musaraba.
Refrain
Iy’Umwami Yes’atemera, Kutubambirwa ku Musaraba, Ntitwari kurokoka namba, Noneh’Imana Ishimwe cane, Kuko Yaducunguj’ Amaraso.
Couplet 4
None Mwami wanje wambambiwe, Nyemerera nanje nguhimbare, Kugira nzoshobore kubona, Ca gihugu wansezeraniye.
Refrain
Iy’Umwami Yes’atemera, Kutubambirwa ku Musaraba, Ntitwari kurokoka namba, Noneh’Imana Ishimwe cane, Kuko Yaducunguj’ Amaraso.
Couplet 5
Ntuz’unkundire Mana yanje, Ngo nze ntirimuke mu kwizera, Mu bingor’uz’umpe kwihangana, No mu bingwany’umber intsinzi.
Refrain
Iy’Umwami Yes’atemera, Kutubambirwa ku Musaraba, Ntitwari kurokoka namba, Noneh’Imana Ishimwe cane, Kuko Yaducunguj’ Amaraso.
Couplet 6
Mpa kunesh’isi Mwami, kuko, Icavyawe nawe kinesh’isi, Mpa kukuyoboka kw’ari Wewe, Nzira n’Ukuri n’Ubugingo.