Indirimbo Zikundwa Open in the app

#299

N’igihe ki ga mwene data? (2)

Umuco 1

Couplet 1

N’igihe ki ga mwene Data, Ko mbon’ibihe birakuze? N’igihe ki ga ncuti yanje, Ko mbon’Umwami ari mukuza? {Kuko n’igihe cahanuwe, Naco caramaze guseruka.} x2

Refrain

{Umugeni nawe ariteguye, Umwami Yesu Azohagarara, Avuge n’ijwi rirenga ati: «Nimuze yemwe Bene Data», Ni ho tuzoba dukiz’amarira.} x2

Couplet 2

N’igihe ki bana b’Imana? Ko mbon’Ijambo ry’ubuhanuzi, Iryo twari twarasezeraniwe, Na ryo ryamaze guseruka, {Nuko rero ntidufyine, Ku gakiza twaronse ku buntu.} x2

Refrain

{Umugeni nawe ariteguye, Umwami Yesu Azohagarara, Avuge n’ijwi rirenga ati: «Nimuze yemwe Bene Data», Ni ho tuzoba dukiz’amarira.} x2

Couplet 3

N’igihe ki yemwe Shengero, N’ico gusab’Imana ukwizera, Kandi tukagira n’ingeso nziza, Ubwenge hamwe n’ukwirinda, {Kukw’Ihanga ry’Uhoraho, Tur’umuco n’umunyu w’iyi si.} x2

Refrain

{Umugeni nawe ariteguye, Umwami Yesu Azohagarara, Avuge n’ijwi rirenga ati: «Nimuze yemwe Bene Data», Ni ho tuzoba dukiz’amarira.} x2

Couplet 4

Kandi harahiriw’umuntu, Yihanganira ibimugerageza, Kuko ni yarama azohabwa, Ca gitsibo kimwe c’ubugingo, {Ic’Imana yasezeraniye, Abazoba barabay’abahizi.} x2

Refrain

{Umugeni nawe ariteguye, Umwami Yesu Azohagarara, Avuge n’ijwi rirenga ati: «Nimuze yemwe Bene Data», Ni ho tuzoba dukiz’amarira.} x2