#295
Ninjiye ahera cane
Umuco 1
Couplet 1
Ninjiye ahera cane, Muri Yesu Kristo, Ndahasanga itunga ry’uburyo bwose, None ubu ndaririmba, Mpimbaza Imana Data, Yangiriy’ Ubuntu ikahanshikana.
Refrain
{Har’urukundo n’ukwizera, Ivyizigiro n’amahoro, Umunezero n’ukwihangana, Har’ukuruhuka... guhimbar’ Imana... Ha...leluya.} x2
Couplet 2
Igihe ntari bwage...rere ahera cane, Naronder’ukuntu nohimbara Imana, Nawo umutima wanje, Waja hirya no hino, Nshitse ahera cane nca ndaruhuka.
Refrain
{Har’urukundo n’ukwizera, Ivyizigiro n’amahoro, Umunezero n’ukwihangana, Har’ukuruhuka... guhimbar’ Imana... Ha...leluya.} x2
Couplet 3
Naraganya nkarira, Maze nkicurikira, Sinari nzi amahoro n’umunezero, Ntakambiye Uhoraho, Umwami Yesu Kristo, Ambere inyishu y’ibibazo vyose.
Refrain
{Har’urukundo n’ukwizera, Ivyizigiro n’amahoro, Umunezero n’ukwihangana, Har’ukuruhuka... guhimbar’ Imana... Ha...leluya.} x2
Couplet 4
None ubu ndaririmba, Nshimira Umwami Yesu, Yuzuye ubuntu urukundo n’imbabazi, Ncuti nawe mwegere, Umusabe wizeye, Akwinjize ahera cane har’intsinzi.