Indirimbo Zikundwa Open in the app

#294

Imana twizeye n’imana y’ukuri

Umuco 1

Couplet 1

Imana twizeye n’Imana y’ukuri, Yaduhamagaye niyo kwizigirwa, Kuko ikivyerekana n’urukundo rwayo, Hamwe na ya nkingi y’umuriro, Yarongor’Ishengero mu nzira y’ukuri.

Refrain

Imana yacu n’Ihimbazwe cane, Umwami Yesu n’ahabw’Icubahiro, Kuko Yadukunze tutabizi, Akatwigura ngo turonke Agakiza.

Couplet 2

Yatoranije Ihanga ry’Abisirayeli, Aho hari ku bw’ubuntu gusa, Ihagurutsa Mose w’umunyantege nke, N’aho hari ku bw’ubushobozi bwayo, Nimurabe namwe urukundo rw’Imana.

Refrain

Imana yacu n’Ihimbazwe cane, Umwami Yesu n’ahabw’Icubahiro, Kuko Yadukunze tutabizi, Akatwigura ngo turonke Agakiza.

Couplet 3

Yatoranije Umugeni mu mahanga, Aho hari ku bw’umusaraba, Asemerera n’ijwi rirenga ati: “Vyose birarangiye vy’ukuri”, Ni ho n’ubugingo bwacu bwacungurwa.

Refrain

Imana yacu n’Ihimbazwe cane, Umwami Yesu n’ahabw’Icubahiro, Kuko Yadukunze tutabizi, Akatwigura ngo turonke Agakiza.

Couplet 4

Inkingi y’umuriro niyo yar’imbere, Y’Abisirayeli mu bugaragwa, Ni nayo n’ubu irongor’Ishengero, Turya manu nsha tukagir’ubugingo, Kuko Umwami wacu Yesu ari muzima.

Refrain

Imana yacu n’Ihimbazwe cane, Umwami Yesu n’ahabw’Icubahiro, Kuko Yadukunze tutabizi, Akatwigura ngo turonke Agakiza.

Couplet 5

Imana yacu n’ishimwe cane kuko, Yaduhaye n’abakozi bayo, Ntibasiba kuduhanura muri vyose, Bakadutoz’indero vy’ukuri, Nico gituma dushimiy’Imana.

Refrain

Imana yacu n’Ihimbazwe cane, Umwami Yesu n’ahabw’Icubahiro, Kuko Yadukunze tutabizi, Akatwigura ngo turonke Agakiza.