#296
Raba turi ku rugamba
Umuco 1
Couplet 1
Raba turi ku rugamba rwa nyuma, N’Ijambo ry’Imana riduhanura, Yuko twokwizera uwanesheje, {Ni ho natwe tuzoshobora kunesha.} x2
Refrain
Aho niho har’Agakiza k’Imana, N’ukwambar’ ibigwanishwa vyose, Mu gusengera muri Mpwemu, No mu kwitwaza Inkota ya Mpwemu, Ari Ryo Jambo Ry’Uhoraho.
Couplet 2
Kw’Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ic’umuntu abiba nico azokwimbura”, None natwe nitubibe muri Mpwemu, {Tuze twimbure Ubugingo budashira.} x2
Refrain
Aho niho har’Agakiza k’Imana, N’ukwambar’ ibigwanishwa vyose, Mu gusengera muri Mpwemu, No mu kwitwaza Inkota ya Mpwemu, Ari Ryo Jambo Ry’Uhoraho.
Couplet 3
Ntituzoshobozwa n’inkomezi zacu, Kiretse ni twizera Umwami Yesu, Ni ho tuzorongorwa na Mpwemu Yera, {Tukagendera no mu muco w’Ijambo.} x2
Refrain
Aho niho har’Agakiza k’Imana, N’ukwambar’ ibigwanishwa vyose, Mu gusengera muri Mpwemu, No mu kwitwaza Inkota ya Mpwemu, Ari Ryo Jambo Ry’Uhoraho.
Couplet 4
Ijambo ry’Imana ni ryo rizoduha, Kugira ingeso nziza hamwe n’ubwenge, Ukwirinda n’ukwihangana na vyo, {Bituj’imbere mu rugendo rwacu.} x2
Refrain
Aho niho har’Agakiza k’Imana, N’ukwambar’ ibigwanishwa vyose, Mu gusengera muri Mpwemu, No mu kwitwaza Inkota ya Mpwemu, Ari Ryo Jambo Ry’Uhoraho.
Couplet 5
Ni twubaha Ijambo ryImana vy’ukuri, Kandi tugakunda na Bene Data, Ni ho tuzogira intsinzi muri vyose, {N’Imana izoshimagizwa muri twe.} x2