Indirimbo Zikundwa Open in the app

#293

Waducishije mu nzira

Umuco 1

Couplet 1

Waducishije mu Nzira igoye, Kuko nta wundi yari bwayicemwo, Ariko Wewe warayiciyemwo, Nanje nzoyicamwo nezerewe.

Refrain

Kukw’ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho Nyen’ingabo.

Couplet 2

Iyo nzira ni ndende cane, Kandi yuzuyemwo sikoropiyo, Amajwi yazo ni menshi cane, Ariko ntaco, warayanesheje.

Refrain

Kukw’ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho Nyen’ingabo.

Couplet 3

Ivyo bintu biragoye cane, Kuko s’ivy’inyama n’amaraso, Ariko jewe narabimenye, Kuko wamaze kubimpishurira.

Refrain

Kukw’ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho Nyen’ingabo.

Couplet 4

None nawe Mwana w’Imana, Wiyubare ntuhendwe n’ayo majwi, Kukw’ijwi nyaryo riri i Gologota, Hamwe hashinze umusaraba.

Refrain

Kukw’ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho Nyen’ingabo.

Couplet 5

Har’umusozi wateguwe, Kuzoba uburuhukiro bwacu, Ba Daniyeli barawumenye, Abahizi bose barawuzi.

Refrain

Kukw’ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho Nyen’ingabo.

Couplet 6

Uwo musozi ni mwiza cane, Izina ryawo ni Yerusalemu, Umwami wawo ni Yesu Kristo, Ni We aganza amahanga yose.