Indirimbo Zikundwa Open in the app

#253

Nirate iki ndirimbe iki?

Umuco 1

Couplet 1

Nirate iki, ndirimbe iki? Nahawe iki, wahawe iki? Nahawe intsinzi ku musaraba, Aho yavuga ati: «Birarangiye».

Refrain

Uwo ni We Jambo w’Imana, Uwo ni We Rutare nubatseko, Kuko ari We twahuye ndemerewe, Kuko ari We twahuye mboshwe, {Uwo ni We Mana yanje.} x2

Couplet 2

Urukundo, amahoro, Narabihawe umunsi twahura, Akankiza n’urupfu, Akavuga ati: “Ingo Unkurikire!”.

Refrain

Uwo ni We Jambo w’Imana, Uwo ni We Rutare nubatseko, Kuko ari We twahuye ndemerewe, Kuko ari We twahuye mboshwe, {Uwo ni We Mana yanje.} x2

Couplet 3

Numva umutima uririmba, Kuko yansezeraniye, Isezerano nk’iry’Aburahamu, Sekuruza w’Abizera bose.

Refrain

Uwo ni We Jambo w’Imana, Uwo ni We Rutare nubatseko, Kuko ari We twahuye ndemerewe, Kuko ari We twahuye mboshwe, {Uwo ni We Mana yanje.} x2

Couplet 4

Ndakanura nkamubona, Ntega amatwi abahanuzi, Numva ljambo, nkabona igikorwa, Kiramboha, kikampa ubugingo.

Refrain

Uwo ni We Jambo w’Imana, Uwo ni We Rutare nubatseko, Kuko ari We twahuye ndemerewe, Kuko ari We twahuye mboshwe, {Uwo ni We Mana yanje.} x2

Couplet 5

Nkurikira inkingi y’umuriro, Niwo muco mu rugendo, Mu bingora, akamurikira, Ni rwo Rufatiro nahawe na Yesu.