#252
Ririmba mugeni wakunzwe
Umuco 1
Couplet 1
Ririmba Mugeni wakunzwe, ugir’uj’ahabona, Umukwe wanse guhemukira nguyo araje, Ivy’ucamwo n’ivy’ubona ntibikaguce intege, Raba kw’isaha usanga igihe kigeze kure
Refrain
Haleluya Mana yanje n’Ushimwe! Watoye Umugeni mu mahanga, Nshima ko ndimwo, Haleluya, Mana nzogutazira, Nkiri mur’ino si nzoririmba, Urukundo rwawe.
Couplet 2
Es’ukuntu Yerusalemu waka nk’izuba, Ku bw’amasezerano dufise tuzowubamwo, Es’ukuntu Yesu wamaze kwambika Umugeni, Urahiriwe we watorewe gutaha ubwo bukwe.
Refrain
Haleluya Mana yanje n’Ushimwe! Watoye Umugeni mu mahanga, Nshima ko ndimwo, Haleluya, Mana nzogutazira, Nkiri mur’ino si nzoririmba, Urukundo rwawe.
Couplet 3
Agakiza kawe kari hafi ewe Mugeni, Imibabar’ ubabarizwa mw’isi igira ishire, Yesu shimwa We watoye Umugeni mu, mahanga, Ndizeye y’ukw’Ishengero ryawe riri, mu gutaha.
Refrain
Haleluya Mana yanje n’Ushimwe! Watoye Umugeni mu mahanga, Nshima ko ndimwo, Haleluya, Mana nzogutazira, Nkiri mur’ino si nzoririmba, Urukundo rwawe.
Couplet 4
Ikizobemeza yuko mwatorewe ubwo bukwe, Muzogiriranir’urukundo abantu batangare, Nsabiye Ishengero ryose kugira urwo rukundo, Teg’ugutwi iryo sengesho, Yesu, rigushikire.