Indirimbo Zikundwa Open in the app

#254

Uyu mwanya n’uwo kurondera

Umuco 1

Couplet 1

Uyu mwanya n’uwo kurondera Umwami, Hazoger’igihe batazomubona, Bazomurondera ntibazomubona, Bazomurondera barira.

Refrain

Insengero zimwe zizoba zugaye, Bazomurondera cane rwose, Bazomurondera ntibazomubona, Bazomurandera barira.

Couplet 2

Abazoba barakiriye Ijambo, Bazokwumv’inzamba zivuze hose, Bazoca bamusanganira mu bicu, Badugane nawe mw’Ijuru.

Refrain

Insengero zimwe zizoba zugaye, Bazomurondera cane rwose, Bazomurondera ntibazomubona, Bazomurandera barira.

Couplet 3

Ntituz’umusi canke haba n’isaha, Umukiza Yes’azozira mw’isi, Ico tuzi n’uko Yes’azogaruka, Nitwisuzume mu mitima.

Refrain

Insengero zimwe zizoba zugaye, Bazomurondera cane rwose, Bazomurondera ntibazomubona, Bazomurandera barira.

Couplet 4

Hazoca haz’amarushwa ateye ubwoba, Kukw’amahoro azoba akuwe kw’isi, Niho benshi bazorira baboroge, Bati: «Mwami twugururire!».

Refrain

Insengero zimwe zizoba zugaye, Bazomurondera cane rwose, Bazomurondera ntibazomubona, Bazomurandera barira.

Couplet 5

Haracar’ubuntu mu gihe turimwo, Ntiwikomantaz’umutima wawe, Umwami Yes’aracafis’imbabazi, Mwegere ac’aguharira.