Indirimbo Zikundwa Open in the app

#242

Haguruka tugwane urugamba

Umuco 1

Couplet 1

Haguruka tugwane urugamba rwaratanguye, Kandi abo tugwana s’ab’inyama n’amaraso, Dufis’Umugabisha ahagaze ku ruhande rwacu, Nawe n’Umwami Yesu azodutsindira.

Refrain

Kandi Umwami Yesu arazi kugwan’intambara, N’ingabo za Farao yarazisutse ma kiyaga, N’ingabo za Satani turazi yukw’azozihonya, {Ni zaza kutugwanya azodutsindira.} x2

Couplet 2

Nuk’ubu turi hafi yo kujabuka ca kiyaga, Kimwe gisuka benshi mu bibanezereza, Igihe gisa n’iki c’uk’ab’Imana batoranwa, Kandi n’aba Satani nabo nuko nyene.

Refrain

Kandi Umwami Yesu arazi kugwan’intambara, N’ingabo za Farao yarazisutse ma kiyaga, N’ingabo za Satani turazi yukw’azozihonya, {Ni zaza kutugwanya azodutsindira.} x2

Couplet 3

Yesu ni We Yavuze at’ “Isi yose yaranyanse, Namwe ni yabakunda izob’ikunz’icayo”, Kand’agahamo kenshi karabaye ku Ntumwa-a, Muze dusabe Yesu Azodutsindira.

Refrain

Kandi Umwami Yesu arazi kugwan’intambara, N’ingabo za Farao yarazisutse ma kiyaga, N’ingabo za Satani turazi yukw’azozihonya, {Ni zaza kutugwanya azodutsindira.} x2