#241
Vuba kandi vuba cane
Umuco 1
Couplet 1
Vuba kandi vuba can’ ivyo twizeye, Bitaboneka bigiye kuboneka, Vuba kandi vuba cane ijuru, Rizoshingir’intahe abana b’Imana.
Refrain
Vuba kandi vuba cane, Nyen’umurima agiye kwimbura, Vuba kandi vuba cane, Urwamfu n’uburo bizotandukana, {Vuba kandi vuba cane, Ishengero rigiye gutaha, Vuba kandi vuba cane, Uwizey’ukuri n’uwizey’ikinyoma, Bagiye kugaragara.} x2
Couplet 2
Iman’isezeranir’Aburahamu, Yukw uruvyaro rwiwe ruzogwira, Ntivyumvikan’arikw igihe carashitse, Iman’irasohoz’ivyo yasezeranye.
Refrain
Abahanuzi bahanura, Bati: inkumi izosam’inda, Isi ntiyavyizera, Ariko vyose vyarashitse, {Nawe Shengero ufise, Isezerano ritaboneka, Humura ureme cane! Kuko vuba kandi vuba cane, Bigiye kugaragara.} x2
Couplet 3
Abahanuzi b’ahanura bati: Umuco w’akagorob’uzokwaka, Ntivyumvikan’ariko noneho raba, Umuco w’arats’uratumurikira.
Refrain
Yes abwir’abigishwa biwe, Ati:”Mukabon’ Umusukoni, N’ibindi biti bitose, Menye k’ugucungurwa kwegereje, {None rab’Isirayeli, Yaradugij’ibendera ryayo, Ivyo vyose n’ibitwereka, Ko vuba kandi vuba cane, Tugiye kubon’Umwami.} x2