Indirimbo Zikundwa Open in the app

#243

Imisi yerekana ukugaruka kwawe

Umuco 1

Couplet 1

Iminsi yerekana, Ukugaruka kwawe Mwami, Yarashitse yose Mwami, Mpa kugira ngo singoheke.

Refrain

Ijambo niryo rivuga, Yuko ivyo twizeye vyose, Vyaramaze guseruka, Twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 2

Tuzobonana n’Abera bose, Bizeye nk’uko twizeye, Tuzoganira ivy’intambara, Twahuye nazo mur’iyi si.

Refrain

Ijambo niryo rivuga, Yuko ivyo twizeye vyose, Vyaramaze guseruka, Twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 3

Nowa azotubarira, Ingen’Imana yamubwiye, Kwubak’ubwato ngo arokoke, Nawe ntivyamworoheye.

Refrain

Ijambo niryo rivuga, Yuko ivyo twizeye vyose, Vyaramaze guseruka, Twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 4

Tuzobonana na Eliya, Nawe bizomushimisha, Kubonana n’abo mu gihe ciwe, Ngo babane iteka ryose.

Refrain

Ijambo niryo rivuga, Yuko ivyo twizeye vyose, Vyaramaze guseruka, Twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 5

Azotwerek’Umwami Yesu, Ati: rab’abo mu gihe canje, Azoshimir’Umwami Yesu, Ko yashoboye kutuzigama.

Refrain

Ijambo niryo rivuga, Yuko ivyo twizeye vyose, Vyaramaze guseruka, Twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 6

Tuzobonana n’Abera bose, Tutagitandukana iteka, Mbes’ubuntu butangaje, Kubana n’Umwami iteka ryose.

Refrain

Ijambo niryo rivuga, Yuko ivyo twizeye vyose, Vyaramaze guseruka, Twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 7

Twitange mu mitima yacu, Kukw’ivyiza tubikiwe, Birengeye uko tubibwirwa, Tuzobibona ni twashika mw’Ijuru.