#221
Inzira ija mu bwami
Umuco 1
Couplet 1
Inzir’ija mu Bwami mugenzi, N’iy’abana b’Imana Ihoraho, Abo nabo bama bitez’imisi yose, Kuromgorwa n’ivy’Iman’ishima, Bakagenda bicishije bugufi.
Refrain
Ndashim’Imana mu Bugingo bwanje, Ku bw’Igikorwa cayo co Gucungura, Ico Yatanguye kuva kera cane, Ikoreshej’ Abana bayo b’Abahizi, {Bama basemerera’ ibihe vyose bati: “Uku ni k’Uhorah’Agize”, Ab’Imana bakumvira, N’imitima yabo yose.} x2
Couplet 2
Iman’Ihamagara Aburahamu, Av’iwab’ atangur’ urugendo, Nah’atar’ az’iy’aja vy’ukuri, Mu kwizera yashitse mu gihugu, C’amasezerano y’Uhoraho.
Refrain
Ndashim’Imana mu Bugingo bwanje, Ku bw’Igikorwa cayo co Gucungura, Ico Yatanguye kuva kera cane, Ikoreshej’ Abana bayo b’Abahizi, {Bama basemerera’ ibihe vyose bati: “Uku ni k’Uhorah’Agize”, Ab’Imana bakumvira, N’imitima yabo yose.} x2
Couplet 3
Eliya nawe mu bugingo bwiwe, Yabay’umuhizi mu kwizera, Ku bw’ukwumvir’Imana mwene Data, Yaremanze ku ruhande rw’Uhoraho, Yiyerekany’abiwe barizera.
Refrain
Ndashim’Imana mu Bugingo bwanje, Ku bw’Igikorwa cayo co Gucungura, Ico Yatanguye kuva kera cane, Ikoreshej’ Abana bayo b’Abahizi, {Bama basemerera’ ibihe vyose bati: “Uku ni k’Uhorah’Agize”, Ab’Imana bakumvira, N’imitima yabo yose.} x2
Couplet 4
Umwami yaraneshej’urugamba, Vyose vyarangiriye ku musaraba, Ab’Imana mushikame mu kuri, Maze bene Data mushobore, Kwegukir’amarembo y’abansi banyu.