Indirimbo Zikundwa Open in the app

#220

Ijambo ry’imana twoshobora?

Umuco 1

Couplet 1

Ijambo ry’Imana twoshobora, kuryizera... gute tudashobora, guhishurirwa ab’Imana yarirungikanye? {Kuko kuva na kera hose, Imana yakoresha abana bayo, bambay’umubiri.} x2

Refrain

{Mana tugirir’ Imbabazi.} x2 Kugira ngo ntidushobore, Guhush’ Inzira (guhush’Inzira).

Couplet 2

Mu gihe ca Nowa wahagurikije, umusavyi wawe... Nowa, kuburira ab’igihe ciwe ivyagira bishike, {Yamara kubwo kubon’umuntu, ntibashoboye gukira ivyago, Vyagira bishike; dushoboze, twoye kubon’umuntu.} x2

Refrain

{Mana tugirir’ Imbabazi.} x2 Kugira ngo ntidushobore, Guhush’ Inzira (guhush’Inzira).

Couplet 3

Ni nako vyagenze mu bihe vyose, vyagiye bibaho... ku bahamagawe, bose bagiye barongorwa n’ivy’Imana ishima, {N’isi ubwayo idashobora kubatahura, Uduhe Mana kwama turi maso.} x2

Refrain

{Mana tugirir’ Imbabazi.} x2 Kugira ngo ntidushobore, Guhush’ Inzira (guhush’Inzira).

Couplet 4

No mur’iki gihe cacu har’Ijambo, ritegura... Umugeni yamara, hakubona Ijambo ridushoboza, gushikira ugutunganywa kwose, {Tukabona ibidakwiye kubonwa, Tugirire ubuntu Mana.} x2

Refrain

{Mana tugirir’ Imbabazi.} x2 Kugira ngo ntidushobore, Guhush’ Inzira (guhush’Inzira).

Couplet 5

Shengero dusangiye ukwizera, Ijambo... ry’Imana ntirikina, rifise ububasha bwo gukiza kù baryizera, {Kandi rifise ubushobozi, bwo kwica ku bataiyizéra, Dushoboze Mana kwizera, kugira ngo tubeho.} x2

Refrain

{Mana tugirir’ Imbabazi.} x2 Kugira ngo ntidushobore, Guhush’ Inzira (guhush’Inzira).