Indirimbo Zikundwa Open in the app

#219

Mwami wanje umpumur’amaso

Umuco 1

Couplet 1

Mwami wanje umpumur’amaso, Mbon’inzira ica ku musaraba, Ni y’ishikana mw’Ijuru ku Mana, Niho tuzorangiriz’urugendo, Turirimbe tugushime.

Refrain

Har’inzira nyinshi cane, Zica ku musoz’ unyerera, Zimanuka zij’ikuzimu, Benshi ni zo bacamwo.

Couplet 2

Mbeg’iyo nzira imeze gute? Yuzuy’umuco mwinshi cane, N’abayicamwo bameze gute? N’abahawe gucik’abana, B’Imana bavutse ubwa kabiri.

Refrain

Har’inzira nyinshi cane, Zica ku musoz’ unyerera, Zimanuka zij’ikuzimu, Benshi ni zo bacamwo.

Couplet 3

Benshi baseng’Iman’ariko, Inzira ntibayibona, benshi, Bakund’Iman’arik’inzira, Ntibayibon’ari inzira y’ukuri, Kand’ishikana mu bugingo budashira.

Refrain

Har’inzira nyinshi cane, Zica ku musoz’ unyerera, Zimanuka zij’ikuzimu, Benshi ni zo bacamwo.

Couplet 4

Wibuk’Isirayeli igeze, Mu bugaragwa, yari, Kumwe n’inkingi y’umuriro, Yari kumwe na Now’umuhanuzi, Arikw’inzira ntibayibona.

Refrain

Har’inzira nyinshi cane, Zica ku musoz’ unyerera, Zimanuka zij’ikuzimu, Benshi ni zo bacamwo.

Couplet 5

Batuka Mose inkingi ihari, Bagator’amabuy’inkingi ihari, Bama bidodomba ibihe vyose, Amaso yabo ntiyabon’Imana, Kand’ari yo yari yarabahamagaye.

Refrain

Har’inzira nyinshi cane, Zica ku musoz’ unyerera, Zimanuka zij’ikuzimu, Benshi ni zo bacamwo.

Couplet 6

Mwami, fash’Ishengero ryawe, Twugurur’amaso tubone, Tubon’inkingi y’umuriro, N’ukunt’irongor’Ishengero mu kuri kwose, Dufashe Mwami tukuyoboke.

Refrain

Har’inzira nyinshi cane, Zica ku musoz’ unyerera, Zimanuka zij’ikuzimu, Benshi ni zo bacamwo.