#218
Shengero ry’imana ihoraho
Umuco 1
Couplet 1
Shengero ry’Imana Ihoraho, Ntimuri Ishengero nk’ayandi, Ivyo nimubimenye bagenzi, Kuko mur’Ihanga riri ukwaryo: Ihanga ry’Imana Isumba vyose.
Refrain
Umve rero ncuti zanje, Dusangiy’ Ukwizera kuzima, Nimwihutire kugendera, Mwese mw’Ijambo ry’Imana ryose, Kuko niho hari Ubugingo budashira.
Couplet 2
Ijambo ngiryo riravugwa, N’uwufise amatwi niyumve, Uwufise amaso n’abone, Kuko Uhoraho ubwiwe ni We, Yakenyereye Ishengero ryiwe.
Refrain
Umve rero ncuti zanje, Dusangiy’ Ukwizera kuzima, Nimwihutire kugendera, Mwese mw’Ijambo ry’Imana ryose, Kuko niho hari Ubugingo budashira.
Couplet 3
N’ubuntu butangaje bene Data, Kubona Imana ari Y’ikora, Mbega n’impamvu yihe haba Ivyo, nuko Ihanga ari iry’Imana Nzima, Yarikunze ritari bwabeho nagato.
Refrain
Umve rero ncuti zanje, Dusangiy’ Ukwizera kuzima, Nimwihutire kugendera, Mwese mw’Ijambo ry’Imana ryose, Kuko niho hari Ubugingo budashira.
Couplet 4
Itandukanye rero n’akamenyero, Mwihutire kwinjira ningoga, Mw’Ihanga ry’ukuri ry’Imana, Ritari iribonwa n’amaso y’umubiri, Ariko rigendera mu guhishurirwa.