Indirimbo Zikundwa Open in the app

#217

Nari nicecekeye

Umuco 1

Couplet 1

Nari nicecekeye bene Data, Ata na kimwe ninona jewe, Ngize ntya nsang’Imana, Yahagurukije ba Daniyeli, Basigaye bafis’imigabo y’igikorwa c’Imana.

Refrain

None nimwumve namwe, Ihang’ Umwami Yiguz’ Amaraso, Nimuze dusubir’i Yerusalemu, Tuje kwubak’Ingoro y’Uhoraho.

Couplet 2

Birakomeye cane bene Data, Kuk’Umwami yagwany’iryo hanga, Ni We asigaye arishigikiye, Kandi nawe n’Uwukomeye, Asigaye yumvüukugomba kw’Imana.

Refrain

None nimwumve namwe, Ihang’ Umwami Yiguz’ Amaraso, Nimuze dusubir’i Yerusalemu, Tuje kwubak’Ingoro y’Uhoraho.

Couplet 3

Ndasubiye kubikubwira ncuti, Ivyoba vyiza nuko wokwizera, Uvyank’ubikunda, ico gikorwa, Kizokorwa n’Abahizi b’Imana, Niwizere rero mufatanye hamwe mu rugendo.

Refrain

None nimwumve namwe, Ihang’ Umwami Yiguz’ Amaraso, Nimuze dusubir’i Yerusalemu, Tuje kwubak’Ingoro y’Uhoraho.

Couplet 4

Wiyubare rero mugenzi wanje, Wiyambure wewe ivy’umenyereye, Witandukanye n’ivyo wikundira, Kuko igikorwa c’Imana Nzima, Kenshi s’ic’abantu bikundira canke biyumvira.

Refrain

None nimwumve namwe, Ihang’ Umwami Yiguz’ Amaraso, Nimuze dusubir’i Yerusalemu, Tuje kwubak’Ingoro y’Uhoraho.