Indirimbo Zikundwa Open in the app

#216

Urugendo rw’abana b’imana

Umuco 1

Couplet 1

Urugendo rw’abana’b’Imana, Biragoye kurumenya vy’ukuri, Iyo ndarwibajije ruransiga, Ico nzi gusa, kandi nizeye, N’uko ab’Imana bari muri rwo.

Refrain

Ntuz’ugire abo wishimira mw’Ijambo, Ntuze wiyitirire umuntu n’umwe, Mw’Ishengero uz’urondere kubona, Imana yonyene mw’Ijambo ryayo, {Ivyo navyo bizoguha guhagarara, Kand’uzoshikama mu gakiza.} x2

Couplet 2

Iyo Nzira bagenda bacamwo, Nayo nyene iragoye gutahura, Kuko n’ubwenge ntibuyitahura, Ariko uwuyihishuriwe wese, Arayizera kandi akayibandarya.

Refrain

Ntuz’ugire abo wishimira mw’Ijambo, Ntuze wiyitirire umuntu n’umwe, Mw’Ishengero uz’urondere kubona, Imana yonyene mw’Ijambo ryayo, {Ivyo navyo bizoguha guhagarara, Kand’uzoshikama mu gakiza.} x2

Couplet 3

Ncuti zanje nimumbwire namwe, Umunyabwenge arazimira, N’ikijuju naco kikayihusha, Ivy’iyo nzira bene Data, Biz’Imana nyen’igikorwa.

Refrain

Ntuz’ugire abo wishimira mw’Ijambo, Ntuze wiyitirire umuntu n’umwe, Mw’Ishengero uz’urondere kubona, Imana yonyene mw’Ijambo ryayo, {Ivyo navyo bizoguha guhagarara, Kand’uzoshikama mu gakiza.} x2

Couplet 4

Nuko bene Data nkunda cane, Iyo nzira uz’uyibaze Imana gusa, Nturabe ivyipfuzo vyawe ncuti, Ariko wiragize Imana yonyene, Kuko iri mu guhishurirwa kuzima.