Indirimbo Zikundwa Open in the app

#190

Ibanga ry’uhoraho

Umuco 1

Couplet 1

Ibanga ry’Uhoraho Imana, Rifiswe n’abamwubaha bose, Azoberek’ Isezerano ryiwe, Ku mus’azobajana mw’Ijuru.

Refrain

Utuyobore mur’uru Rugendo rwacu, Ni twadendebukirwa utwonger’ inkomezi, Kuko twahevye vyose ngo tugukurikire, Kugira tuzobane nawe imyaka yose.

Couplet 2

Eh’igihe kirihuta cane, Co kugaruka kw’ Umwami wacu, Kand’uko wa musi wegerereza, Niko Satan’atugwanya cane.

Refrain

Utuyobore mur’uru Rugendo rwacu, Ni twadendebukirwa utwonger’ inkomezi, Kuko twahevye vyose ngo tugukurikire, Kugira tuzobane nawe imyaka yose.

Couplet 3

None natwe nidukovye cane, Gusenga no gukorera Imana, Kukw’ibijora n’abanyabute, Batazoba kumwe n’Umugeni.

Refrain

Utuyobore mur’uru Rugendo rwacu, Ni twadendebukirwa utwonger’ inkomezi, Kuko twahevye vyose ngo tugukurikire, Kugira tuzobane nawe imyaka yose.

Couplet 4

Ni twagenda nk’uk’Umwam’agomba, Tuzokwinjira mw’ijur’iwacu, Ah’imitima yac’itazokwongera, Kwiganyira no gucur’intimba.

Refrain

Utuyobore mur’uru Rugendo rwacu, Ni twadendebukirwa utwonger’ inkomezi, Kuko twahevye vyose ngo tugukurikire, Kugira tuzobane nawe imyaka yose.

Couplet 5

Imbere yuko tumeny’Imana, Twibuke ko nta bantu twarimwo, Ariko ku bw’amaraso ya Yesu, Turi ba Samuragwa b’Ubwami.