Indirimbo Zikundwa Open in the app

#189

Umwami Yesu yaravuze

Umuco 1

Couplet 1

Umwami Yesu Yaravuze, At’ “unyizera ntazigera, Abon’urupfu rwa kabiri, Kuko Jewe natsinze Urupfu”.

Refrain

Mwami, Mwami, turakwambaza, Twe Shengero ryawe Mwami, Nuz’ushitse isezerano, Ry’Ishengero ryawe Mwami.

Couplet 2

Arongera aravuga, Ati: “Ni Jewe soko y’ubugingo, Unyizera ntazigera, Agir’inyota n’umusi n’umwe”.

Refrain

Mwami, Mwami, turakwambaza, Twe Shengero ryawe Mwami, Nuz’ushitse isezerano, Ry’Ishengero ryawe Mwami.

Couplet 3

Arongera aravuga, Ati: “Ni Jewe muzabibu, ishami ryose, Ritam’imbuto, Data azoritemera hasi”.

Refrain

Mwami, Mwami, turakwambaza, Twe Shengero ryawe Mwami, Nuz’ushitse isezerano, Ry’Ishengero ryawe Mwami.

Couplet 4

Arongera aravuga, Ati: “Ni mwaguma muri Jewe, Muzer’imbuto zitar’iz’iyi si, Ku bw’ivyo Data azoshemagizwa”.

Refrain

Mwami, Mwami, turakwambaza, Twe Shengero ryawe Mwami, Nuz’ushitse isezerano, Ry’Ishengero ryawe Mwami.

Couplet 5

Uzur’Ijambo we Shengero, Uzura Mpwemu we Shengero, Uzur’ubumwe n’urukundo, Kubw’ivyo Umwami azoshemagizwa.