#184
Jewe nagiriwe ubuntu
Umuco 1
Couplet 1
Jewe nagiriwe ubuntu bwinshi cane, Imana yampumuy’amaso ngo mbone, Inzamura ku Musozi wayo Wera, Inyereka ivy’abantu batigeze bamenya, Impishurir’amabanga yari yanyegejwe, Ivy’Imana yabikiye ab’ikunda, Ngo bibabere umuco mu misi mibi, Kugira bashobore kunesha wa mubi.
Couplet 2
Ndavye mbona wa Mwagazi w’Intama, Yajanjaguwe avirirana amaraso hose, Afise amahembe indwi n’amaso indwi, Ni Zo Mpwemu Z’Imana Nzima, Zatumwe ko Zija mw’isi yose, Ayo mahembe nizo nkomezi z’Umwami, Niyo ntsinzi n’ivyirato vy’Abera, Ni bo bamarayika ndwi b’amashengero.
Couplet 3
Ndavye mbona wa Mwagazi w’Intama, Amen’ivyari bimatanij’igitabo, Nca mbona Antikristo ku farasi yiwe, Avug’amajambo y’amarogotano, Ases’amaraso menshi y’Abera, Mbona amahanga yose amwunamiye, Ac’abarongoz’ubugunge n’uburyarya, Abagumishako na vya binyoma vyiwe.
Couplet 4
Ndavye hejuru mbon’ijuru riruguruye, Mbon’uwicaye kw’ifarasi yera, Yitwa Mwizigirwa, irindi Munyakuri, Inyonga ziwe ni nk’imbeya z’umuriro, Mu mutwe yar’afis’imigara myinshi yambaye, Impuzu zera zajobetswe mu maraso; Kand’ubwiwe yitwa Jambo w’Imana, N’Umwami w’amahoro, haleluya!
Couplet 5
Nca numv’ijwi rivuga mw’Ijuru riti: “Tunezerwe duh’Iman’icubahiro, Kuk’ubukwe bwa wa Mwagazi bushitse, Umugeni wiwe yahejeje kwitegura, Yambay’impuzu nziza zera cane, Zikayangana kandi zera hose, Abo ni bo banesheje ca gikoko, Abo nibo bagendeye mu muco w’igihe cabo”.
Couplet 6
Nca numva wa Mwagazi asemerera cane, Abarira wa Mugeni ati: “Duga hano”, Nca mbona wa Mugeni azamuwe vuba, Ndavye mbona Yerusalemu nsha, Iteguwe nk’inzu yateguriw’Umugeni, Yubatswe ku rufatiro rugumye cane, Kandi yambay’ubwiza bw’Umwami, Aho niho tuzibanira n’Umwami, haleluya!