#183
Kera jewe naganzwa n’umubiri
Umuco 1
Couplet 1
Kera jewe naganzwa n’umubiri, Nari nafashwe mpiri n’icaha, Njanwa hirya n’ino n’umuntu w’inyuma, Kuko sogokuru Adamu yabinsigiye.
Refrain
Ubu nashitse mu Bwami bw’Imana, N’Ubwnmi bw’ubushobozi bwinshi, Ukwiganyira n’amarira nta biriyo, N’Ubwami bw’amahoro gusa.
Couplet 2
Yemwe ukuntu jewe nari ngowe, Nashaka gukor’iciza bikananira! Ikibi ntashaka akaba ari co nkora, Jewe nari imbohe ya Satani ni koko.
Refrain
Ubu nashitse mu Bwami bw’Imana, N’Ubwnmi bw’ubushobozi bwinshi, Ukwiganyira n’amarira nta biriyo, N’Ubwami bw’amahoro gusa.
Couplet 3
Ariko Imana ishimwe cane rwose, Kuko yanyogej’ivyaha vyanje vyose, Ikankura mu buja bwa Satani, None ndi mu Bwami bwayo Bwera, kw’ari muzima muri jewe.
Refrain
Ubu nashitse mu Bwami bw’Imana, N’Ubwnmi bw’ubushobozi bwinshi, Ukwiganyira n’amarira nta biriyo, N’Ubwami bw’amahoro gusa.
Couplet 4
Icemezo c’uko Yesu yazutse, N’ukw’ari muzima muri jewe, Yankuye mu bupfu bw’iyi si, No mu bikorwa vyayo vy’umwiza.
Refrain
Ubu nashitse mu Bwami bw’Imana, N’Ubwnmi bw’ubushobozi bwinshi, Ukwiganyira n’amarira nta biriyo, N’Ubwami bw’amahoro gusa.
Couplet 5
Yesu yabishingiye intahe, Ati: “Ni Jewe Bugingo n’Ukuzuka, Uwunyizera ntazigera apfa namba”, None notiny’iki kandi?