Indirimbo Zikundwa Open in the app

#182

Yesu n’umwami w’urukundo

Umuco 1

Couplet 1

Yesu n’Umwami w’urukundo rwinshi, Kuko yikoreye imibabaro yacu, Yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo, Igihano cacu cabaye kuri We.

Refrain

N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, N’iyacu mibabaro yikoreye, Tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, Nk’uwacumiswe n’Imana, Agacurikirizwa n’akabonge ku bw’ivyaha, vyacu, Ajanjagurirw’ivyacu bigabitanyo, N’urukundo rw’imburarugero, {Kandi imishishagu yiwe niyo idukiza.} x2

Couplet 2

Abisirayeli baramutwenze cane, Bamugayira mu mitima yabo, Bamucirakw’iteka n’ivyanditswe, N’ubwo yar’Uwera w’Isumba vyose.

Refrain

N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, N’iyacu mibabaro yikoreye, Tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, Nk’uwacumiswe n’Imana, Agacurikirizwa n’akabonge ku bw’ivyaha, vyacu, Ajanjagurirw’ivyacu bigabitanyo, N’urukundo rw’imburarugero, {Kandi imishishagu yiwe niyo idukiza.} x2

Couplet 3

Yesu ni We Mwungere Mwiza, Yahamagaye abana b’Isirayeli bose, Abaha indya nziza z’ubwoko bwose, Nabo bazifata bazimuta mu maso.

Refrain

N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, N’iyacu mibabaro yikoreye, Tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, Nk’uwacumiswe n’Imana, Agacurikirizwa n’akabonge ku bw’ivyaha, vyacu, Ajanjagurirw’ivyacu bigabitanyo, N’urukundo rw’imburarugero, {Kandi imishishagu yiwe niyo idukiza.} x2

Couplet 4

Amosozi yaciye akoroka ubwo nyene, Aca asemerera ati: “Yerusalemu, Nagerageje kukwinjiza mu mugabane wawe, None ico wanse nico gakiza kawe”.

Refrain

N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, N’iyacu mibabaro yikoreye, Tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, Nk’uwacumiswe n’Imana, Agacurikirizwa n’akabonge ku bw’ivyaha, vyacu, Ajanjagurirw’ivyacu bigabitanyo, N’urukundo rw’imburarugero, {Kandi imishishagu yiwe niyo idukiza.} x2

Couplet 5

Yar’amashami yo ku gishitsi ca Dawidi, Ariko yarahanyuwe atererwa hasi, Kugira ngo jewe umunyamahanga, Nterwe ku gishitsi ku bw’ubuntu.