Indirimbo Zikundwa Open in the app

#173

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere

Umuco 1

Couplet 1

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere ryaravuze-e-e, Risohora abana b’Imana muri Egiputa, Bambutse baja i Kanani, mw’isezerano ryabo-o-o, N’ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, baja i Kanani.

Refrain

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, Ryari irya Mose muri Egiputa, Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, Ryari irya Yesu Kristo ku Musaraba, Ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu, N’iry’umumarayika ku kagoroba, {Ari we yegeranya intama, intama... intama z’Imana.} x2

Couplet 2

Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, na ryo ryaravuze, Risohora abana b’Imana, mu mategeko, Tuva ibupfu twinjira ibuzima-a-a, Kubwo umuntu umwe gusa, ni Yesu Kristo.

Refrain

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, Ryari irya Mose muri Egiputa, Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, Ryari irya Yesu Kristo ku Musaraba, Ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu, N’iry’umumarayika ku kagoroba, {Ari we yegeranya intama, intama... intama z’Imana.} x2

Couplet 3

Ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu ryaravuze-e-e, Risohora abana b’Imana i Babuloni, Tuva mu bupfu bw’iki gihe bw’abana, b’abantu, Turonka Ijambo rizima ry’igihe cacu.

Refrain

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, Ryari irya Mose muri Egiputa, Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, Ryari irya Yesu Kristo ku Musaraba, Ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu, N’iry’umumarayika ku kagoroba, {Ari we yegeranya intama, intama... intama z’Imana.} x2

Couplet 4

Iryo n’ijwi ry’agakiza kacu, mur’iki gihe, kibi-i-i, Risemerera rit’ “Eh’Umukwe, nguyo araje, Abiyeza mwese nimwiyeze, mwambar’, impuzu zera, Mwitegurire ubukwe bw’Umwami Yesu.

Refrain

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, Ryari irya Mose muri Egiputa, Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, Ryari irya Yesu Kristo ku Musaraba, Ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu, N’iry’umumarayika ku kagoroba, {Ari we yegeranya intama, intama... intama z’Imana.} x2

Couplet 5

Iryo n’ijwi ryo kudukangura, ngo tube maso, Kuko tutazi igihe Umukw’azozira, None uwumva niyumve ijwi ry’umumarayika, Kuko igihe c’amateka kigiye kuza.