#172
Inzira y’abana b’imana
Umuco 1
Couplet 1
Inzira y’abana b’Imana, N’imwe gusa ntihindagurika, N’inzir’imwe igoye gutahura, Kukw’imbere y’isezerano, {Hama har’imibabaro yo kuramukwa.} x2
Refrain
Imibabaro n’iy’igihe gito, Ingorane n’iz’igihe gito, Har’itunga mw’isezerano ry’Uhoraho, Ribikiw’abihangana n’abitanga, {Mwami, umpe kwitanga, No kwihangana.} x2
Couplet 2
Yesu Kristo mu kuducungura, Na We yaciye mur’iyo nzira, Aho yaseng’abir’icuya c’amaraso, Kubw’imibabaro yar’imbere yiwe, {Yar’imibabaro y’imbere y’agakiza.} x2
Refrain
Imibabaro n’iy’igihe gito, Ingorane n’iz’igihe gito, Har’itunga mw’isezerano ry’Uhoraho, Ribikiw’abihangana n’abitanga, {Mwami, umpe kwitanga, No kwihangana.} x2
Couplet 3
Turanihira mu mitima yacu, Dushaka kuva mur’iyi mibabaro, Ubu butame n’ugucumukura, N’imibabaro yo kuramukwa, {Kukw imbere tuzohanagurw’amarira.} x2
Refrain
Imibabaro n’iy’igihe gito, Ingorane n’iz’igihe gito, Har’itunga mw’isezerano ry’Uhoraho, Ribikiw’abihangana n’abitanga, {Mwami, umpe kwitanga, No kwihangana.} x2
Couplet 4
Twihangane mu mitima yacu, Intumbero y’Imana ni nziza, Kandi ni kubw’urukundo adukunda, Uhoraho aducisha mu ngorane, {Kugira ngo tube abakristo bashitse.} x2
Refrain
Imibabaro n’iy’igihe gito, Ingorane n’iz’igihe gito, Har’itunga mw’isezerano ry’Uhoraho, Ribikiw’abihangana n’abitanga, {Mwami, umpe kwitanga, No kwihangana.} x2
Couplet 5
Umunezero wacu niwuzure, Har’imibabaro yo kuramukwa, Umwana w’isezerano ari hafi kuvuka, Kuko Imana itihana ku mpano, {Ntiyihana no ku muhamagaro wayo.} x2