#157
Har’uruzi runini cane
Umuco 1
Couplet 1
Har’uruzi runini cane, Isoko yarwo n’i Gologota, Rutemba ruja muri Paradizo, Ruzingurutswe n’ibiti, {Ibiti vy’igikundiro.} x2
Refrain
Urwo ruzi ni Yesu Kristo, Kandi ni We soko y’agakiza, Akaba n’uruzi rw’ubugingo, Atotesha abagadutse, {Akamenagura ahakomeye, Amar’inyota abanyotewe.} x2
Couplet 2
Har’uruzi runini cane, Rudasa n’izindi nzuzi, Har’ibiti iruhande yarwo, Bidasa n’ibindi biti, {Kandi bikisangiz’imbuto.} x2
Refrain
Urwo ruzi ni Yesu Kristo, Kandi ni We soko y’agakiza, Akaba n’uruzi rw’ubugingo, Atotesha abagadutse, {Akamenagura ahakomeye, Amar’inyota abanyotewe.} x2
Couplet 3
Har’uruzi runini cane, Abatewe kuri rwo bose, Bama batotahaye cane, Barateye igomwe cane, {Kubw’ubuzima bw’urwo ruzi.} x2
Refrain
Urwo ruzi ni Yesu Kristo, Kandi ni We soko y’agakiza, Akaba n’uruzi rw’ubugingo, Atotesha abagadutse, {Akamenagura ahakomeye, Amar’inyota abanyotewe.} x2
Couplet 4
Ivyo biti n’abana b’Imana, Urwo ruzi ni Yesu Kristo, Abatewe kuri We bose, Bama imbuto zitar’iz’iyi si, {Barateye igomwe cane.} x2
Refrain
Urwo ruzi ni Yesu Kristo, Kandi ni We soko y’agakiza, Akaba n’uruzi rw’ubugingo, Atotesha abagadutse, {Akamenagura ahakomeye, Amar’inyota abanyotewe.} x2
Couplet 5
Abadatewe muri rwo bose, Barumaganye cane rwose, Ntibigera ber’imbuto, Kuko badatewe kur’urwo ruzi, {Nawe niwisuzum’uruhande urimwo.} x2