#156
Uhereye muri egiputa
Umuco 1
Couplet 1
Uhereye muri Egiputa, Duhagurukijwe n’Uhoraho, Ntiyigeze kuduhemukira, Inkingi y’umuriro yar’imbere yacu.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, Ico yakunze yaragikunze, N’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.
Couplet 2
Twebw’ubura bw’Iman’Ihoraho, Abakowe n’Umwatni Yesu, Ntakizitambik’imbere, Ndazi ko tuzoshika amahoro.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, Ico yakunze yaragikunze, N’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.
Couplet 3
Ko twakowe n’umugabo umwe, Ari We Kristo yabambwe, Tumwishikanire rwose, Ntazigera aduhemukira namba.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, Ico yakunze yaragikunze, N’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.
Couplet 4
Ingorane ni nyinshi cane, Kristo arabibona vyose, Gir’ivyizigiro n’ukwizera, Ubwami bw’Imana buregereje.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, Ico yakunze yaragikunze, N’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.
Couplet 5
N’irihe hanga na rimwe, Uhoraho atigeze kunesha? Iy’imbere harih’ivyiza, Iyasezeranye ntiyivuguruza.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, Ico yakunze yaragikunze, N’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.
Couplet 6
Hanyuma y’ibigeragezo, Ku wutadendebukiwe, Hama har’umunezero, Yesu n’umugabo adahemuka.