#155
Ijoro rirakuze
Umuco 1
Couplet 1
Ijoro rirakuze, Ehe bugira buce, Agakiza karatwegereye, Gusumvy’igihe twizereye, N’igihe co kwikangura.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’intwari zose, Abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, Ntibigeze badendebukirwa, Bambar’ Amasezerano.
Couplet 2
Ijoro rirakuze, N’igihe co kwikangura, Twiyambur’ivy’umwiza vyose, Twambar’ibigwanishwa vy’umuco, Eh’Umwami m’umuc’araje.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’intwari zose, Abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, Ntibigeze badendebukirwa, Bambar’ Amasezerano.
Couplet 3
Kor’ico washinzwe, Ewe ncuti yanje, Duz’ibendera ry’Umwami, Ryerekana intsinzi yiwe, Abizera bizere vuba.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’intwari zose, Abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, Ntibigeze badendebukirwa, Bambar’ Amasezerano.
Couplet 4
Mpwemu n’Umugeni, Barahamagara, Ngo ngwino wew’usinziriye, Mbega wumva uhamagara, Umwiza ntubana n’umuco.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’intwari zose, Abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, Ntibigeze badendebukirwa, Bambar’ Amasezerano.
Couplet 5
Kanguka mwene Data, Nawe uhamagare, Teg’ugutwi uhanurwe, Kugira naw’uhanur’abandi, Nirwo rukundo rwo muri Kristo.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’intwari zose, Abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, Ntibigeze badendebukirwa, Bambar’ Amasezerano.
Couplet 6
Ivy’isi bihend’amaso, Vyose n’ubusa, Yesu Kristo ntahemuka, Azogushikana ku Bugingo, Ni We Rutare rwatumenewe.