#144
Haleluya kubw’umunezero
Umuco 1
Couplet 1
Haleluya, haleluya, haleluya, Kubw’umunezero mwinshi! Wuzuye mu mutima wanje, N’umunezero w’inkuru nziza, N’iy’ukuza kw’Umwami Yesu.
Refrain
Inkuru nziza z’Ubwami, Nzumva hirya no hino, Zivuga yuko Yesu aje, Mpura n’abavugabutumwa, - Bat’Umwam araje, Abacuraranzi bagacuraranga, - Bat’Umwam’araje, Abaririmvyi bakaririmba, - Bat’Umwam’araje, {Ivyo mbona vyose binyereka ko Yes’aje.} x2
Couplet 2
Haleluya, haleluya, haleluya. Kubw’inkuru nziza cane! Iyo nkuru yam’isigurwa muri je, Iyo nkuru yam’iririmbwa muri je, N’iy’ukuza kw’Umwami Yesu.
Refrain
Inkuru nziza z’Ubwami, Nzumva hirya no hino, Zivuga yuko Yesu aje, Mpura n’abavugabutumwa, - Bat’Umwam araje, Abacuraranzi bagacuraranga, - Bat’Umwam’araje, Abaririmvyi bakaririmba, - Bat’Umwam’araje, {Ivyo mbona vyose binyereka ko Yes’aje.} x2
Couplet 3
Haleluya, haleluya, haleluya, Kubw’umunezero numva! Iyo ngize ngo ndacuraranga, Nkumva ng’Umwam’araje, Vyose bivuga ng’Umwam’araje.
Refrain
Inkuru nziza z’Ubwami, Nzumva hirya no hino, Zivuga yuko Yesu aje, Mpura n’abavugabutumwa, - Bat’Umwam araje, Abacuraranzi bagacuraranga, - Bat’Umwam’araje, Abaririmvyi bakaririmba, - Bat’Umwam’araje, {Ivyo mbona vyose binyereka ko Yes’aje.} x2
Couplet 4
Haleluya, haleluya, haleluya, Kubw’umunezero mwinshi! Ivyaremwe vyos’uko bingana, Vyerekana vyose k’Umwam’aje, Vyose bivuga ng’Umwam’araje.
Refrain
Inkuru nziza z’Ubwami, Nzumva hirya no hino, Zivuga yuko Yesu aje, Mpura n’abavugabutumwa, - Bat’Umwam araje, Abacuraranzi bagacuraranga, - Bat’Umwam’araje, Abaririmvyi bakaririmba, - Bat’Umwam’araje, {Ivyo mbona vyose binyereka ko Yes’aje.} x2
Couplet 5
Iyo n’Inkuru Nziza yo mu Bwami, N’inkur’impumuriza hose, N’inkur’impumuriza nkiri mur’iyi si, N’inkuru y’amahoro menshi, N’iy’ukuza kw’Umwami Yesu.