#143
Umuntu wanje w’imbere
Umuco 1
Couplet 1
Umuntu wanje w’imbere, Afise inyandiko hose, Handitseko amasezerano, Amwe mw’izosi ayandi ku mutwe, Ayandi ku birenge, Ayandi ku gikiriza.
Refrain
Izo nyandiko s’iza wino, Izo nyandiko n’izanditswe, Ku bisate vy’umutima, Zaudikishijwe Mpwenuu, Satani ntiyegera kukw’atari iz’inyuguti, Zandikishijw’amaraso y’Umwagazi...
Couplet 2
Iyo ku mutwe n’iy’agakiza, Iyo mw’izosi n’amasezerano, Y’Umukwe n’ay’Umugeni, Satani ntahaca hose haranditswe, Rwiwe zarakuweho, Hari iz’Imana Yera.
Refrain
Izo nyandiko s’iza wino, Izo nyandiko n’izanditswe, Ku bisate vy’umutima, Zaudikishijwe Mpwenuu, Satani ntiyegera kukw’atari iz’inyuguti, Zandikishijw’amaraso y’Umwagazi...
Couplet 3
Mu gikiriza n’iy’ukugororoka, Ku birenge n’ubutumwa bwiza, N’ivyagezwe vy’Uhoraho, Vyashizwe ku mutima nivyo nibaz’ijoro, Mvyibaza ku murango, N’ivyagezwe vy’Uhoraho.
Refrain
Izo nyandiko s’iza wino, Izo nyandiko n’izanditswe, Ku bisate vy’umutima, Zaudikishijwe Mpwenuu, Satani ntiyegera kukw’atari iz’inyuguti, Zandikishijw’amaraso y’Umwagazi...
Couplet 4
Kera hariho inyandiko, Z’amategeko ya Mose, Ubu n’iz’ubuntu gusa, Zandikishije amaraso y’Umwami, Ziriko n’ikimenyetso, Nico ca Mpwemu Yera.
Refrain
Izo nyandiko s’iza wino, Izo nyandiko n’izanditswe, Ku bisate vy’umutima, Zaudikishijwe Mpwenuu, Satani ntiyegera kukw’atari iz’inyuguti, Zandikishijw’amaraso y’Umwagazi...
Couplet 5
Umuntu wanje w’imbere, Arushaho kwambikwa, N’icete ca Kristo Yesu, (I)co bose basoma canditswe na Mpwemu, Canditswe mu rurimi, Rw’i Siyoni mw’Ijuru.