Indirimbo Zikundwa Open in the app

#129

Mw’isi hariy’ibingora

Umuco 1

Couplet 1

Mw’isi hariy’ibingora, Biturusha mu rugendo, Ivyo Satani aduteza, Vyinshi biduterera mu mibiri, Ibindi mu mitima yacu, {None rero twihangane.} x2

Refrain

N’ibitwereka ko tur’ingenzi, Ko mur’iyi si atar’iwacu, Bikaduha kwank’iyi si, No kutayisinziriramwo, {None twihangane kandi, Twihute n’ivy’igihe gito cane.} x2

Couplet 2

Mw’isi hariy’ibingora, Bikorera mu mibiri, Mu ngorane nyinshi cane, N’ingorane z’umutima, Ariko vyose bizoshira, {None rero twihangane.} x2

Refrain

N’ibitwereka ko tur’ingenzi, Ko mur’iyi si atar’iwacu, Bikaduha kwank’iyi si, No kutayisinziriramwo, {None twihangane kandi, Twihute n’ivy’igihe gito cane.} x2

Couplet 3

Mw’isi hariy’ibingora, Vyodutesha ubugingo, Kenshi n’ivy’uyu mubiri, Nizo nzira za Satani, Akunda gucamwo kenshi, {None rero twihangane.} x2

Refrain

N’ibitwereka ko tur’ingenzi, Ko mur’iyi si atar’iwacu, Bikaduha kwank’iyi si, No kutayisinziriramwo, {None twihangane kandi, Twihute n’ivy’igihe gito cane.} x2

Couplet 4

Izo ngorane zidutera, Kubon’iyi si urunuka, Tukirukira Uhorabo, Ariko ni ku babona, Ku batabona n’urupfu, {None rero twihangane.} x2

Refrain

N’ibitwereka ko tur’ingenzi, Ko mur’iyi si atar’iwacu, Bikaduha kwank’iyi si, No kutayisinziriramwo, {None twihangane kandi, Twihute n’ivy’igihe gito cane.} x2

Couplet 5

Mwana w’Imana Ihoraho, Ivyo ucamwo mu rugendo, Nivyo bizoguha wewe, Gushikama rwose cane, Mu gutsinda no mu kunesha, {None rero twihangane.} x2