Indirimbo Zikundwa Open in the app

#128

Turakobeje mu rugendo

Umuco 1

Couplet 1

Turakobeje mu rugendo, Mu rugendo rwo kuja mw’Ijuru, Tugenda twihuta cane rwose, Kubw’igishika tuhafitiye, {Arik’uko tugenda twegereza, Nik’umugwanizi atugwanya cane.} x2

Refrain

Twihute cane rwose, Twihutire gushika iy’iwacu, Rab’imisi iter’iba mibi, Twihangane, tunyaruke, {Turegereje gushika no, kubon’ ivyo twasezeranijwe.} x2

Couplet 2

Uhereye mbere hose, Iy’Imana yashaka gukor’ikintu, Satani yahaguruka kukigwanya, (A)kagerageza kukigwanya cane, {Ariko ntiyabishobora namba, Kukw’ata wuzibir’inzira y’Imana.} x2

Refrain

Twihute cane rwose, Twihutire gushika iy’iwacu, Rab’imisi iter’iba mibi, Twihangane, tunyaruke, {Turegereje gushika no, kubon’ ivyo twasezeranijwe.} x2

Couplet 3

Yesu Kristo amaze kuvuka, Satani yahagurukije Herodi, Ngo yic’abana bose b’ico gihugu, Ariko nta wushobora kugwanya, {No kuzibira ukugomba kw’Imana, Kuko yugurura ntihagir’uwugara.} x2

Refrain

Twihute cane rwose, Twihutire gushika iy’iwacu, Rab’imisi iter’iba mibi, Twihangane, tunyaruke, {Turegereje gushika no, kubon’ ivyo twasezeranijwe.} x2

Couplet 4

No mur’iki gihe ca none, Ah’abana b’Imana twegereye Siyoni, Imana iriko iradutegura, Satani yahagurutse n’abiwe, {Ahaguruts’ibinyoma hirya no hino, Ngw’igwanye ukwitegura kw’Umugeni.} x2

Refrain

Twihute cane rwose, Twihutire gushika iy’iwacu, Rab’imisi iter’iba mibi, Twihangane, tunyaruke, {Turegereje gushika no, kubon’ ivyo twasezeranijwe.} x2

Couplet 5

Abavug’ibinyoma barahagurutse, Amadini nay’aba menshi cane, Ivyo vyose Satani arabikora, Ngw’ashobore kugwanya Abera, {Ariko abana b’Iman’Ihoraho, Twarons’Ijambo ritegur’Umugeni.} x2

Refrain

Twihute cane rwose, Twihutire gushika iy’iwacu, Rab’imisi iter’iba mibi, Twihangane, tunyaruke, {Turegereje gushika no, kubon’ ivyo twasezeranijwe.} x2

Couplet 6

Tugur’uburyo tubugwiza, Kukw’imis’itera iba mibi, Dushikame mw’Ijambo ry’Imana, Kugira ngo turind’imyampi y’umubi, {Twihute mur’uru Rugendo rwacu, Kuko tugiye kubon’Ivyasezeranijwe.} x2