#130
Ubwami bw’imana nzima
Umuco 1
Couplet 1
Ubwami bw’Imana Nzima, N’Ubwami Bwera cane, N’ubw’Abera b’Ihoraho, {Abera b’Iyera isumba vyose, Igirir’ubuntu uw’ibugiriye.} x2
Refrain
Ubwo Bwami n’Ubwami bw’Uhoraho, Abana baravuka nuri bwo, Bavug’ururimi rwo nur’ubwo Bwami, Ntibasangiy’ururimi n’ayandi, mahanga, Bufis’ururimi rwabwo, Bukagira n’Umwami wabwo, Hakaba n’abaragwa babwo, Nibo bana b’Iman’Ihoraho.
Couplet 2
Ubwami bw’Imana s’amajambo, N’Ubwami bw’ubushobozi, Ubwami bw’Imana s’imigani, {N’Ubwami budashobora kuringanizwa, N’amahanga yose ya hano kw’isi.} x2
Refrain
Ubwo Bwami n’Ubwami bw’Uhoraho, Abana baravuka nuri bwo, Bavug’ururimi rwo nur’ubwo Bwami, Ntibasangiy’ururimi n’ayandi, mahanga, Bufis’ururimi rwabwo, Bukagira n’Umwami wabwo, Hakaba n’abaragwa babwo, Nibo bana b’Iman’Ihoraho.
Couplet 3
Ururimi rwo mur’ubwo Bwami, N’ururimi rutigwa n’ubwenge, Ntirwumvwa n’amatwi y’umubiri, {Ntawushobora kurwigisha, nta n’umwe, Kiretse gusa ababuvukiyemwo.} x2
Refrain
Ubwo Bwami n’Ubwami bw’Uhoraho, Abana baravuka nuri bwo, Bavug’ururimi rwo nur’ubwo Bwami, Ntibasangiy’ururimi n’ayandi, mahanga, Bufis’ururimi rwabwo, Bukagira n’Umwami wabwo, Hakaba n’abaragwa babwo, Nibo bana b’Iman’Ihoraho.
Couplet 4
Ababuvukiyemwo ntibasaza, Ababuvukiyemwo ntibapfa, Ababuvukiyemwo ntibagwara, {N’amahor’imisi yose muri bo, N’umunezero muri bo bose.} x2
Refrain
Ubwo Bwami n’Ubwami bw’Uhoraho, Abana baravuka nuri bwo, Bavug’ururimi rwo nur’ubwo Bwami, Ntibasangiy’ururimi n’ayandi, mahanga, Bufis’ururimi rwabwo, Bukagira n’Umwami wabwo, Hakaba n’abaragwa babwo, Nibo bana b’Iman’Ihoraho.
Couplet 5
Ab’inyama n’amaraso ntibabuzi, Kirets’ababuvukiyemwo, Ntibubonwa n’amaso y’umubiri, {N’Ubwami Bwera bw’ ubushobozi, N’ubw’umuco waka, Haleluya!