#110
Twari twafashwe mpiri
Umuco 1
Couplet 1
Twari twafashwe mpiri, Mu gihugu kitar’ic’iwacu, Twaranyazwe ibigwanishwa, Twari nk’abasinziriye bupfe.
Refrain
Yesu Uwanesheje, Yaramaze kuvuza inzamba, Urugamba rwaratanguye, Atuj’imbere tukamukurikira, N’Umwami w’agaheta, Nta wigeze amunesha.
Couplet 2
Umumarayika yaramanutse, Aje kudukangura twese, Avuz’inzamba mu gicugu, Inzamba yo gutangur’ Urugamba.
Refrain
Yesu Uwanesheje, Yaramaze kuvuza inzamba, Urugamba rwaratanguye, Atuj’imbere tukamukurikira, N’Umwami w’agaheta, Nta wigeze amunesha.
Couplet 3
Twasinziriy’itiro rinini, Gushitsa mu gicugu hagati, Duca twumv’ijwi ry’inzamba riti: Kanguka dutangur’ Urugamba
Refrain
Yesu Uwanesheje, Yaramaze kuvuza inzamba, Urugamba rwaratanguye, Atuj’imbere tukamukurikira, N’Umwami w’agaheta, Nta wigeze amunesha.
Couplet 4
Yaj’atuzaniy’ibirwanishwa, Urugamba rwaratanguye, Tugwana n’impwemu mbi z’iyi si, Dushigikiwe n’Umwami Yesu.
Refrain
Yesu Uwanesheje, Yaramaze kuvuza inzamba, Urugamba rwaratanguye, Atuj’imbere tukamukurikira, N’Umwami w’agaheta, Nta wigeze amunesha.
Couplet 5
Duter’intambwe imwe ku yindi, Inzamba ziravuga cane, Abansi barahind’agashitsi, Intsinzi n’iyacu, Haleluya!