#109
Ikinyenyeri co mu gaturuturu
Umuco 1
Couplet 1
Ikinyenyeri co mu gaturuturu, Kiri hafi guseruka, Cerekana ko bugira buce, Intambara igira ishire, Indirimbo zizoca ziririmbwa, Zerekana ko intambara ishize.
Refrain
Mbon’ivyiza vyinshi cane, Bibikiw’ Abanesheje, Umwe wese n’ivyiwe, Nta bike nta na vyinshi, Kuk’umwe wes’anezerejwe... n’Ubuntu.
Couplet 2
Iy’umwiz’uriho vyerekana ko, Hariho n’umuco nawo, Iyo hariho ijoro vyerekana ko, Hariho n’umusi nawo, None rer’ijozo rirakuze cane, Ehe none bugira buce, haleluya!
Refrain
Mbon’ivyiza vyinshi cane, Bibikiw’ Abanesheje, Umwe wese n’ivyiwe, Nta bike nta na vyinshi, Kuk’umwe wes’anezerejwe... n’Ubuntu.
Couplet 3
Abikangura bariko barikangura, Abasinzira barasinzira, Umwiza uriko uramirwa, Umirwa n’Umuc’ utamanzuye, Ico kinyenyeri ni caseruka, Intambara izob’ishize, haleluya!
Refrain
Mbon’ivyiza vyinshi cane, Bibikiw’ Abanesheje, Umwe wese n’ivyiwe, Nta bike nta na vyinshi, Kuk’umwe wes’anezerejwe... n’Ubuntu.
Couplet 4
Uwo musi n’umunsi w’uburuhukiro, Hazoba har’amahoro, Umwe wese azoronk’impembo, Zikwiranye n’ivyo yakoze, Ariko nta bike rira na vyinshi, Kuk’umwe wes’azoririmba... ubuntu.
Refrain
Mbon’ivyiza vyinshi cane, Bibikiw’ Abanesheje, Umwe wese n’ivyiwe, Nta bike nta na vyinshi, Kuk’umwe wes’anezerejwe... n’Ubuntu.
Couplet 5
Ivyo dukorera mu Mwami vyose, Tuzobihemberwa vyose, Ni vyagaragara ko biramye, Vyose tuzobihemberwa, Ehe none bugira buce cane, Ngo tubone ivyo twizeye, Haleluya!