#92
Mwami Mana nyen’ubuntu
Umuco 1
Couplet 1
Mwami Imana nyen’ubuntu, Ishengero ryawe rirarira, Rirarira ryifùza rwose, K’ubuntu bwawe ubudusukako.
Refrain
Dusukek’Ubuntu tubashe kugenda, Dusukek’Ubuntu tubashe kwinjira, Tubashe kubona Ivyiza vy’Ijuru, {N’Itunga ririyo ritabora.} x2
Couplet 2
Mwami Imana nyene ubuntu, Ongera utugirir’ubuntu, N’uturabish’urukundo rwawe, Duter’intambwe nsha mu rugendo.
Refrain
Dusukek’Ubuntu tubashe kugenda, Dusukek’Ubuntu tubashe kwinjira, Tubashe kubona Ivyiza vy’Ijuru, {N’Itunga ririyo ritabora.} x2
Couplet 3
Kubibona turabibona vyose, No kwumva turavyumva vyose, Ariko biratugora cane, Kubishikira tugirir’ubuntu.
Refrain
Dusukek’Ubuntu tubashe kugenda, Dusukek’Ubuntu tubashe kwinjira, Tubashe kubona Ivyiza vy’Ijuru, {N’Itunga ririyo ritabora.} x2
Couplet 4
Ibuk’amaraso y’Umwana wawe, N’imibabaro yabonye ku bwacu, Ibuka n’Ishengero ryawe, Yapfiriye arigur’amaraso.
Refrain
Dusukek’Ubuntu tubashe kugenda, Dusukek’Ubuntu tubashe kwinjira, Tubashe kubona Ivyiza vy’Ijuru, {N’Itunga ririyo ritabora.} x2
Couplet 5
Nta bundi buhungiro dufise, Atari musi y’ibirenge vyawe, Shits’amasezerano yawe, Dusukek’ubùntu bwawe, Mwami.