Indirimbo Zikundwa Open in the app

#91

Iki gihe tugezemwo

Umuco 1

Couplet 1

Iki gihe tugezemwo, N’ico kwikangura, N’ico kubona intambara, N’uwoyituneshereza.

Refrain

Twirabe muri vyose, Twirinde muri vyose, Dusenge ibihe vyose, Eh’Umwami araje.

Couplet 2

Satani aza nk’igisuma, Arondera imyenge hose, Yocamwo ngw adutere, None rero nitube maso.

Refrain

Twirabe muri vyose, Twirinde muri vyose, Dusenge ibihe vyose, Eh’Umwami araje.

Couplet 3

Iki gihe tugezemwo, N’igihe co kuba maso, Umwiza ni mwinshi cane, None rero nitube maso.

Refrain

Twirabe muri vyose, Twirinde muri vyose, Dusenge ibihe vyose, Eh’Umwami araje.

Couplet 4

Abahizi nimukomeze, Abasinziriye muvyuke, Abasoda ba Kristo Umwami, Intsinzi n’iy’Umwami Yesu.

Refrain

Twirabe muri vyose, Twirinde muri vyose, Dusenge ibihe vyose, Eh’Umwami araje.

Couplet 5

Ibitsibo bibikiwe, Abahizi mu kwizera. Amazu ni menshi cane, Vyose n’ivy’Abanesheje.