Indirimbo Zikundwa Open in the app

#87

Ukwitanga kuzana kubona

Umuco 1

Couplet 1

Ukwitanga kuzana kubona, Ukwitanga kurusha kudeha, Ukwitanga kuzana kuronka, {Ivy’utibaza k’uzoronka.} x2

Refrain

Imana irakunda ukwitanga, Ikunda abayiha rwose, Ikunda uwiyanka muri vyose, {Kandi nayo ikamukunda.} x2

Couplet 2

Ukwitanga kuzana kumenya, N’ivy’utigeze umenya na rimwe, Kuko hari ivyabikiwe abitanga, {Biri ahera h’ahera cane.} x2

Refrain

Imana irakunda ukwitanga, Ikunda abayiha rwose, Ikunda uwiyanka muri vyose, {Kandi nayo ikamukunda.} x2

Couplet 3

Ukwitanga ntivyoroshe kenshi, Ariko kuri bamwe biroroshe, Kuko abayimenye barayiha rwose, {Nibo bana b’ubwami bw’Imana.} x2

Refrain

Imana irakunda ukwitanga, Ikunda abayiha rwose, Ikunda uwiyanka muri vyose, {Kandi nayo ikamukunda.} x2

Couplet 4

Ukwitanga kuzana kubona, Ivy’ubwami bwo mw’Ijuru, Ukwitanga kuzana kury’ivyiza, {Vyo mw’itongo ry’Imana.} x2

Refrain

Imana irakunda ukwitanga, Ikunda abayiha rwose, Ikunda uwiyanka muri vyose, {Kandi nayo ikamukunda.} x2

Couplet 5

Ntitube abanebwe mu vy’Ubwami, Ariko tube abanebwe muvy’isi, Kuko abazi ko ar’ingenzi mw’isi, {Bama bitanga vy’ukuri.} x2